У нас вы можете посмотреть бесплатно Francine Niyonsaba yateye iteka u Burundi mu gihe Neva avuga ko Leta itigera ishigikira Francine или скачать в максимальном доступном качестве, видео которое было загружено на ютуб. Для загрузки выберите вариант из формы ниже:
Если кнопки скачивания не
загрузились
НАЖМИТЕ ЗДЕСЬ или обновите страницу
Если возникают проблемы со скачиванием видео, пожалуйста напишите в поддержку по адресу внизу
страницы.
Спасибо за использование сервиса ClipSaver.ru
Umunonotsi w'umurundikazi Francine Niyonsaba yaraye atahukanye ikibanza cambere mu gihugu c'ububirigi mu mahiganwa yo kwiruka wanda Diamond league 2021 ryitiriwe Alliance Memorial van damme sport aho yirutse imetero 5000 mu gihe kingana 14'25"34. Inyuma yo gukugwa mwihiganwa rya Jeux olympic akankirwa kubandanya mu biruka imetero 5000 kandi yari yashitse mu gihe ciza ku mwanya wa kane, akidogera ko abamuherekeje bo muri comité national olympic y'u Burundi batamufashije kuburana urwo rubanza rwo kurenganwa. Mukibuka kandi ko yari yanabidogeye mbere nambere akabagiriza ko atakintu nakimwe bigeze bafasha ababonotsi mu myiteguro ya jeux olympic, Francine Niyonsaba yaragerageje kwereka amakungu ko naho vyari bigoye, atanumwe yigeze amutahura ngo amushigikire bitamuciye intege mu ngabire yiwe yo kwiruka. Umwanya muto inyuma ya jeux olympic Niyonsaba yerekeje muri reta zunze ubuwe za america aho yari yatumiwe mw'ihaganwa ryo kwiruka ryitiriwe prefontaine classic aho yirutse imetero 2000 akabona umwanya wambere. Inyuma yaho, umunonotsi w'umurundikazi Francine Niyonsaba yerekeje mu gisagara ca Paris mwihiganwa ryo kwiruka rya Diamond league, aho yirutse ikirere kingana n'imetero 3000 ku mwanya ungana 8'19"08 agatahukana umwanya wambere. Umurundikazi Francine Niyonsaba akaba yaciye agirwa umunonotsi w'agatanu yiruka cane mu mateka y'aya mahiganwa yo kwiruka. Francine Niyonsaba ateye ishema igihugu c'uburunda. Atumye ibendera ry'igihugu c'uburundi rihungabana muri ivyo bihugu bitatu bikomeye kwisi Amerika ubufaransa n'ububirigi. Ariko Francine Niyonsaba siko ashigikiwe mu gihigu abereye umuserukizi muri sport mpuzamakungu. Ivyo bishimangirwa n'ijambo ry'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye aho ashimika ko uwurongoye igisata c'inkino yibuka Francine iyo hageze ko yurira indege ngo amuherekeze mumahiganwa. Ibintu vyinshi vyari bikwiye guhinduka, Francine Niyonsaba yarakwiye kuba umuntu wagaciro kanini mu Gihugu, niyo nzahabu y'agaciro kw'isi yose mu gisata c'ubunonotsi. www.remesha.net info@remesha.net