У нас вы можете посмотреть бесплатно Ku nama yo ku wa 18/04/2021 : umwuzurira w'ikiyaga Tanganyika или скачать в максимальном доступном качестве, видео которое было загружено на ютуб. Для загрузки выберите вариант из формы ниже:
Если кнопки скачивания не
загрузились
НАЖМИТЕ ЗДЕСЬ или обновите страницу
Если возникают проблемы со скачиванием видео, пожалуйста напишите в поддержку по адресу внизу
страницы.
Спасибо за использование сервиса ClipSaver.ru
Mu ntango z'umwaka w'2020 niho amazi y'ikiyaga Tanganyika vyabonetse ko abandanya agwira mbere n'ibibanza bimwe bimwe vy'ukwidagadura bita plages mu gifaransa bitangura kugeramirwa co kimwe n'ibice bimwe bimwe vy'inyubakwa z'uburaro. Kuva mu kwezi kwa kabiri uno mwaka w'2021 naho, imyuzurira ivuye kuri ico kiyaga ibandanya yibonekeza. Mu bice bibangamiwe twovuga nk'ikivuko ca Bujumbura, ibibanza vyo kwinezereza arivyo plages mu rurimi rw'igifaransa vyegereye ikiyaga Tanganyika ubu nka vyose bikaba bigeramiwe nayo mazi, co kimwe n'inyubako zegereye inkengera z'ico kiyaga. None iyo myuzurira ibandanya kwibonekeza iva kuki ? Ni ibihe bibanza bibangamiwe gusumba ibindi ? Iyo myuzurira y'ikiyaga Tanganyika imaze kwonona iki canke mbere ni ibiki bishobora kwononekara bivuye kuri ayo mazi ? Hari icoba kimaze gukorwa mu gukinga ingaruka zivuye kuri iyo myuzurira y'ikiyaga Tanganyika ? Hakwiye gukorwa iki mu bibanza bibangamiwe cane n'umwuzurira w'amazi y'ikiyaga Tanganyika ? Nivyo dushimikirako muri kino kiyago co ku nama n'abatumire bacu batatu aribo : 1. Commissaire de police Anicet Nibaruta, umukuru w'umugwi w'igihugu ujejwe gutabara mu gihe c'ibiza n'isibe eka no kugarukira ku bo vyashikiye 2. Omer Niyonkuru ajejwe imigambi muri OBUHA, ikigo kijejwe ibisagara n'uburaro 3. Professeur Jean Marie Sabushimike, umwigisha muri kaminuza, akaba yakurikiranye ivyigwa vy'ingene isi iremwe, abayibako n'ivyo bayikorerako eka n'ibiyishikira nk'ibiza bita géographie mu gifaransa harimwo n'ibijanye n'ibidukikije