У нас вы можете посмотреть бесплатно Burunga: Urugendo ngo kwerekana inguvu Umugambwe CNDD-FDD ufise muri Komine Musongati или скачать в максимальном доступном качестве, видео которое было загружено на ютуб. Для загрузки выберите вариант из формы ниже:
Если кнопки скачивания не
загрузились
НАЖМИТЕ ЗДЕСЬ или обновите страницу
Если возникают проблемы со скачиванием видео, пожалуйста напишите в поддержку по адресу внизу
страницы.
Спасибо за использование сервиса ClipSaver.ru
Mu ntumbero yo gushimira Imana yahaye Uburundi n’abarundi Umugambwe CNDD-FDD wagarukanye amahoro mu gihugu, abagumyabanga isinzi bo muri komine yagutse ya Musongati mu ntara ya Burunga, bazindutse bakora urugendo rurerure kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2025, rwabashikanye ku kibuga ca Rubaho. Indongozi zivuka mu ntara ya Burunga nk’Umunyamabanga ntunganyabisata ajejwe abahoze ku rugamba Nkurunziza Pierre Aboubakar, Umukuru w’Umuhari w’imbonerakure ku rwego rw’igihugu Eric Nshimirimana, Icegera c’umukuru w’Inama nkenguzamateka Fabrice Nkurunziza, Umushikiranganji w’Indero François Havyarimana bari bitavye urwo rugendo. Inyuma y’urwo rugendo, Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Burunga Sylvain Nzikoruriho, yamenyesheje ko abagumyabanga bo muri komine Musongati bakoranye kugira berekane inguvu umugambwe CNDD-FDD ufise muri iyo komine. Kubw’iwe, intumbero nyamukuru y’urwo rugendo yari iyo gushimira Imana yahaye abarundi Umugambwe mwiza wa CNDD-FDD, ati: “CNDD-FDD ni umugambwe waduhaye amahoro, waje nk’inyishu y’ibibazo abarundi bari babayemwo igihe kitari gito. Wadukuye mu gasuzuguro uduha ukwidegemvya.” Yarongeye ati: “Imbere y’uko umugambwe CNDD-FDD uza ku butegetsi, nta myaka itanu yahera abarundi badasubiranyemwo, bataraye mu myonga. Imana yaravyihweje ica ihagurutsa intwari za CNDD-FDD, zisubiza ibintu ku murongo” Yaciye asaba abagumyabanga bari aho kutarekura iciza bamaze gufata. Abahanura gushikiza Reta Mvyeyi ibikorwa vy’iterambere. Yabahanuye kandi kwirinda ibihuhu bica ku mbuga nyagiro, abasaba kuguma batekanye, bari ku kivi, no kugendera mu muco utangwa n’indongozi z’igihugu. Mwomenya ko imbere y’ivyo bikorwa ubuserukizi bw’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Burunga bwashikirije inzu abagumyabanga bubakiye uwahoze ku rugamba wo muri zone Kakungu muri komine ya kera ya Giharo.