У нас вы можете посмотреть бесплатно Afrika ikeneye intererano y’ibihugu biyigize kugira ishobore gushikira iterambere (J. Mfasoni) или скачать в максимальном доступном качестве, видео которое было загружено на ютуб. Для загрузки выберите вариант из формы ниже:
Если кнопки скачивания не
загрузились
НАЖМИТЕ ЗДЕСЬ или обновите страницу
Если возникают проблемы со скачиванием видео, пожалуйста напишите в поддержку по адресу внизу
страницы.
Спасибо за использование сервиса ClipSaver.ru
Ibihugu vya Afrika bikwiye kwubahana bikareka kuryana kugira uwo mugabane ushobore kwiteza imbere, kuko amategeko awugenga, eka mbere n’ayagenga igihugu kimwe kimwe cose, atomoye. Izo ni impanuro za Jean Mpasoni, Umurundi yahoze akorera ku cicaro c’Umuryango w’ibihugu vya Afrika imyaka irenga 40. Muri ico gihe cose yagiye arahindura akazi, yahejeje yanditse igitabo aho agaruka ku gihugu kimwe kimwe, n’abakuru b’Ibihugu bagiye barabirongora. Iyo nararibonye iranegura ko ikibuze muri uwo muryango ari uko ingingo zifatwa ariko ntizikwirikizwe, ari vyo bituma ibi bihugu biguma mu bibazo. Nk’Umurundi, aranahanura abategetsi b’Uburundi kwubahiriza uburenganzira bw’abanyagihugu, bagasubiza mu buzima busanzwe urwaruka rw’Imbonerakure rukoreshwa ivya gisirikare, aho kurwereka inzira ija mu bikorwa vyo kwiteza imbere, kugira Uburundi na bwo buzogere aho buterera mu kwubaka umugabane wa Afrika.