У нас вы можете посмотреть бесплатно Dr Emmanuel NDAYIKENGURUKIYE akoze amahano kubitaro или скачать в максимальном доступном качестве, видео которое было загружено на ютуб. Для загрузки выберите вариант из формы ниже:
Если кнопки скачивания не
загрузились
НАЖМИТЕ ЗДЕСЬ или обновите страницу
Если возникают проблемы со скачиванием видео, пожалуйста напишите в поддержку по адресу внизу
страницы.
Спасибо за использование сервиса ClipSaver.ru
𝗔𝗺𝗮𝗻𝘆𝗮𝗻𝗴𝗮 𝗮𝗱𝗮𝘀𝗮𝗻𝘇𝘄𝗲 𝗸𝘂 𝗯𝗶𝘁𝗮𝗿𝗼 𝗯𝗶𝗸𝘂𝗿𝘂 𝘃𝘆'𝗶𝘃𝘆𝗼 𝗻𝘁𝗮𝗿𝗮. Ubunyonyezi?? ubusuma?? Biragoye kuronka izina twobiha, ariko ikigaragara n'uko uwurongoye ivyo bitaro abigejeje habi muvy'ubutunzi harimwo uburongozi bubi. Ivyo bitaro bikuru vy'intara ya Muyinga birongowe na Dr Emmanuel NDAYIKENGURUKIYE. Mur'ino misi tuzobashikiriza urukurikirane rw'amatohoza twakoze ariko akorwa n'uwo muyobozi. Uno musi tubashikiriza amanyanga yama akorwa na Dr Emmanuel NDAYIKENGURUKIYE mukubesha ko hari ibikoresho vyapfuye bigira bikoreshwe, ivyo bikaba mu gihe aba yateguye abantu biwe bamufasha ayo manyanga baca bagabura amafaranga. Muri King Umurundi Freedom twakoze amatohoza yimbitse dusanga ivyo bitaro bigeze ahatemba. 🔸 Bikorwa gute? Dr Emmanuel NDAYIKENGURUKIYE arategura kimwe mu vyuma bikora mur'ivyo bitaro, agaca avuga ko kirwaye kandi ata ngorane n'imwe kiba gifise. Ico gihe aba yateguye abantu baca baza nk'abaje gukora ico cuma kugira bikunde amafranga asohoke. Amafranga amaze gusohoka, baca bayagabura n'abo bantu aba yazanye. Ivyo rero Dr Emmanuel abigize igihe kirekire, aho ubutunzi bw'ibitaro busa n'ubugeze aho umwansi ashaka kubera ubwo bubegito. Akarorero ka vuba twoherako uno musi ni amafaranga angana imiliyoni 2 Dr Emmanuel aheruka kunyuruza mur'ubwo buryo. Dr Emmanuel aherutse kubesha ko ivyuma bibundikira abana bavutse bataragera (couveuse) bifise akagorane, aca azana abantu bigira ko baje kubikora ku mafranga y'amarundi imiliyoni 3 n'igice, 3.500.000Fbu. Abo bantu ntaco bigeze bakora, baje gusa kugira bikunde amafranga asohoke. Mu nyuma ya mafranga asohotse baruhiye kuyagaburana, Dr Emmanuel yatwaye imiliyoni 2, ba bantu biwe nawe batwara umuliyoni umwe n'inusu. Ivyo bateguye biba hiraheze. Ivyo bigaragarira mu buryo bahanyemwo amafranga. Muri king Umurundi Freedom twashoboye kuronka aho bahaniye amafaranga inyuma yo gusohorwa mu bitaro. Kw'igenekerezo rya 14/02/2025, 10h 18min, 18sec, ba bagenzi ba Ðr Emmanuel baciye bamurungikira umuliyoni umwe bakoresheje ubuhinga bwa Bancobu inoti, kuri numéro yiwe 79397912. Uwo musi nyene, 10h 20min 02sec baciye barungika ayandi yarasigaye, umuliyoni umwe, kuri ya numéro nyene ya Dr Emmanuel. Aho igikorwa cari kirangiye, ivyo benshi bita idili. Ibitaro vyari biheheje guhomba amafranga y'amarundi imiriyoni zitanu n'igice. Ivyo rero Dr Emmanuel akaba yarabigize umugenzo ku vyuma vyose vyo mur'ivyo bitaro. Aha rero abakozi bo kur'ivyo bitaro vya Muyinga barasemerera mugusaba ko ubushikiranganji bw'amagara y'abantu, @mspls_bdi , bwonyaragasa kurungika umurwi wigenga kur'ivyo bitaro ukore amatohoza yihuta kugira Dr Emmanuel abazwe kur'ubwo bunyonyezi ariko arakora kur'ivyo bitaro agejeje habi. Ku musi w'ejo tuzobashikiriza ayandi manyanga y'ubunyonyzi buriko bukorwa na Dr Emmanuel NDAYIKENGURUKIYE, ibishira ivyo bitaro mu kaga kadasanzwe. #amakuru_atarikwivumbi #urugendo_news #daniel_mugisha #news_updats_interview Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango Amakuru ya Haguruka yihuta Amakuru yinzamba yihuta Amakuru ya Peace FM yihuta Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye