У нас вы можете посмотреть бесплатно Igitito ca " Nzirabahinda n'umugabo yariye umwungu yabujijwe" или скачать в максимальном доступном качестве, видео которое было загружено на ютуб. Для загрузки выберите вариант из формы ниже:
Если кнопки скачивания не
загрузились
НАЖМИТЕ ЗДЕСЬ или обновите страницу
Если возникают проблемы со скачиванием видео, пожалуйста напишите в поддержку по адресу внизу
страницы.
Спасибо за использование сервиса ClipSaver.ru
Abarundi barayamaze bati agashitsi ka kera kavumbika umuriro, ibi bitito mwumva ntawuzi uwabivuze ubwa mbere . Gutita canke gufuruguta ni umuco kama w'abarundi wafasha mu gukebura , kwigisha ; vyarateramika abantu , bakabanga amatwi iriyagwa rikanyura ubwenge. Umwanya bamaze batita ntawiyumvira inabi, ahubwo n'uwamye ayiyumvira yaramuvamwo kubera inyigisho iri mu gitito. Ni muzirikane karya kungane karangiza igitito " si je nohahera, hohera naka kuko ya..." . Mu gitito uwakoze inabi arahahera( iramuhama) , agize Imana ntahitanwe n'ivyago , aja mu mageza amugarukana ku kwirimbura. None ako gashitsi ka kera, ntimwoza tukakavumbikisha akariro k'indero runtu ndundi? Ya ndero yatuma ahari abagabo hatarwa ibara, yatuma umwana ataba uwumwe, yatuma uwugeze mu za bukuru adakena udukwi n'utuzi, yatuma umuvyeyi angana n'uwundi ntihagire umwana ahangara uwumukurira, ....n'izindi ngeso nziza ?!