У нас вы можете посмотреть бесплатно Ikiganiro ca или скачать в максимальном доступном качестве, видео которое было загружено на ютуб. Для загрузки выберите вариант из формы ниже:
Если кнопки скачивания не
загрузились
НАЖМИТЕ ЗДЕСЬ или обновите страницу
Если возникают проблемы со скачиванием видео, пожалуйста напишите в поддержку по адресу внизу
страницы.
Спасибо за использование сервиса ClipSaver.ru
Abateshejwe izabo, ubu baba mu masite ane ari muri komine Rango yo mu ntara ya Kayanza, batewe iteka kuri uyu wa kabiri 7 Ndamukiza 2020, ryo kugenderwa n’Umunyamabanga mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD akaba n’uwuzoserukira uwo mugambwe mu matora y’Umukuru w’igihugu azoba kuwa 20 Rusama 2020 Gen Maj Evariste Ndayishimiye. Ivyo bibaye mu gihe, muri abo benegihugu, abarenga 900 bahora mu yindi migambwe, canke batahora bitaho ivya poritike, basavye kwambara ku mugaragaro umwambaro w’Umugambwe CNDD-FDD, nkuko vyemeza n’Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Kayanza Ferdinand Habimana, aho avuga ko bakibandanya inyigisho imbere yo kwakirwa. Samurarwa w’Uburundi #GeneralNeva akaba yabasiguriye kahise k’Uburundi. Yabibukije abacanishijemwo abarundi hakavuka ivy’amoko ataho bifatiye kiretse inyungu z’umukoroni ari navyo vyakomotsemwo izankano hagati y’abarundi gushika n’aho abantu bata izabo, bivuye ku butegetsi bubi bwariho ico gihe, aca abahanuro kugira urunani kugira umwansi ntasubire kuronka aho amenera. Yabasavye kugendera ubuntu mu kugira urukundo, kuvugisha ukuri, no kugendera ubutungane ntihagire uwo barenganya, aca anabamenyesha ko mu mu mugambwe CNDD-FDD, umuntu atagira ubuntu baca bamuca. Abo benegihugu bategeshejwe izabo bashimye cane ikiganiro bagiranye n’Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD, bamumenyesha ko batari babimenyereye ibiganiro nk’ivyo, bati : « Kiretse Musitanteri n’Umunyamabanga w’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Kayanza, bahora batwumviriza, abandi bo musi yabo bose batwita ibipinga, tubasanze aho bari mu nama y’iterambere baca bahora kandi natwe dukeneye iterambere rikomoka ku mugambwe CNDD-FDD ». Ikindi bashikirijje n’ikijanye no kubura inzu bashikiramwo, mu matongo yabo ya kera. Umunyamabanga mukuru akaba yabaremesheje ko ivyo bibazo vyose yamaze kubigira umwitwarariko wiwe. #Burundi #Politique #CnddFdd2020