У нас вы можете посмотреть бесплатно Uku niko ca kiraro co mu Gatumba kiriko kirasanurwa или скачать в максимальном доступном качестве, видео которое было загружено на ютуб. Для загрузки выберите вариант из формы ниже:
Если кнопки скачивания не
загрузились
НАЖМИТЕ ЗДЕСЬ или обновите страницу
Если возникают проблемы со скачиванием видео, пожалуйста напишите в поддержку по адресу внизу
страницы.
Спасибо за использование сервиса ClipSaver.ru
Benshi bahora baca ku kiraro ca Rusizi, ariko ntibamenya ko kigira kibomoke. Ivyo rero vyo kubomoka bikaba vyagira biterwe n’ivyondo vyinshi vyazanywe n’imyuzurira yo mu Gatumba, bigatuma inkingi z’ico kiraro zimirwa. Ubu rero ico kiraro kiriko kirasukurwa n’ishirahamwe METALUSA, benshi bazi cane mu gisagara ca Bujumbura. Iryo shirahamwe ryaje mu Burundi mu 1954, rizanywe n’ababirigi, imbere y’uko Uburundi bwikukira. Mu ncamake iryo shirahamwe ryitwa METAL-USUMBURA, ariho havuyemwo METALUSA. Rikorera mu migambi minini minini ikenera ivyuma bikomeye kandi bizimvye. Ni ukuvuga rimaze imyaka irenga 72 rikorera hano mu Burundi mu bisata bitandukanye bikomakomeye, umuntu asanzwe, atokwibaza. Umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe arikumwe n’umwunganizi w’ibikorwa vyo muri METALUSA baratubwira vyinshi kuri ico kiraro ca Rusizi hamwe no ku bindi bikorwa iryo shirahamwe risanzwe rirangura, hano mu Burundi no mu karere. Kaze mubikurikirane.