У нас вы можете посмотреть бесплатно WOKWIHANA? avec pasteur Kagisye Marc или скачать в максимальном доступном качестве, видео которое было загружено на ютуб. Для загрузки выберите вариант из формы ниже:
Если кнопки скачивания не
загрузились
НАЖМИТЕ ЗДЕСЬ или обновите страницу
Если возникают проблемы со скачиванием видео, пожалуйста напишите в поддержку по адресу внизу
страницы.
Спасибо за использование сервиса ClipSaver.ru
Itanguriro 3:8,10 Itanguriro 4: 7-16 Luka 15: 17-21 Yesaya 40: 3-5 Itanguriro 33: 1-11 Ubukristo bwubakiye ku nkingi zibiri nyamukuru: ukwizera n'ukwihana; ukwizera igikorwa ca Kristo co kuducungura hamwe n'ukwihana ibicumuro vyacu. Dukwiye rero kwemera gutsindwa n'ijambo hamwe n'iciyumviro c'Imana, ndetse kandi tugashira hasi ivyiyumviro vyacu kugira ngo tubashe kwisunga ubwenge buhebuje bw'Imana. Kwihana bisigura guca bugufi n'ukwemera intege nke zacu. Ubwibone nk'ubwaranze Lusiferi bwama butujana mu mahonero kuko budutwara kure y'Imana. Itanguriro 3: 8,10 Itanguriro 4: 7, 11-16 Inkuru ya Kayini na Abeli itwereka ingene Kayini yagiriye ishari mwenewabo, maze akareka ikibi kikinjira mu mutima wiwe. Imana imaze kubibona, yaraburiye Kayini, maze imuhamagarira kunesha icaha ariko ntiyavyumva. Ikosa rimaze gukorwa, yahawe igihano kiremereye. Ivyo bitwereka y'uko Imana biciye kuri Mpwemu wayo yama iduhanura ngo tuve mu vyaha. Igihe ijwi ry'Imana rihuye n'umutima ukomantajwe n'ubwibone hamwe n'ubugarariji, ntakabuza hakwirikira uguhona. Yesaya 40: 3-5 Ukwihana niyo nzira yadushikanye ku gakiza kandi niyo izokatugumizamwo. Imana yacu irera, natwe iduhamagarira kwera. Ubuzima bw'icaha ntibwari bukwiye kuba umugabane w'umukristo. Biroroshe ko umukristo agwa kuko asanzwe ari umunyantegenke ariko kandi, kuko asanzwe ahamagariwe kuba uwera, ategerezwa kwihutira kwihana kugira ngo yikureko agacafu kose gahindukamwo icaha. Imana iduhamagarira kwihana igihe cose tuyicumuyeko hamwe n'iyo ducumuye kuri bagenzi bacu. Ukwihana kurasaba ikiguzi, dukwiye kwama twiteguriye kwemerera ijambo ry'Imana ko ridutsinda. Ntituzokwigera dukira icaha mu gihe tuzogumiza imitima yacu kuvyipfuzo vy'umubiri na kamere vyacu. Tubangire gushishikara mu buzima bw'icaha kuko atariho twagenewe. Nta bucuti buzokwigera bushoboka hagati y'Imana Yera hamwe n'umukristo w'umunyavyaha, rero twame twiteguriye kwihana. Muhezagirwe.