У нас вы можете посмотреть бесплатно 35. MBUNGABUNGA NKUGABURIRE RTNB 23 AVRIL 2025: FOMI IRATERERA MW'ITERAMBERE RY'IGIHUGU. или скачать в максимальном доступном качестве, видео которое было загружено на ютуб. Для загрузки выберите вариант из формы ниже:
Если кнопки скачивания не
загрузились
НАЖМИТЕ ЗДЕСЬ или обновите страницу
Если возникают проблемы со скачиванием видео, пожалуйста напишите в поддержку по адресу внизу
страницы.
Спасибо за использование сервиса ClipSaver.ru
Uruganda ruhingura ifumbire y’ikirundi ivanze n’iyikizungu FOMI rumaze imyaka 6 ruriko rukorera Igihugu mu kuronsa abarimyi ifumbire isubiza isi akanovera, igwiza umwimbu kandi igakingira n’ibidukikije. Abarimyi bakoresha iyo fumbire bakaba bashima kuko uwarimye ayikoresheje abukura mu cibo gusumba uwutayikoresheje. FOMI rero ni ishirahamwe ririko riraterera mw’iterambere ry’Igihugu kuko uburimyi ari kimwe mu bigize inkingi nyamukuru mw’iterambere. Ni muri iyo ntumbero iryo shirahamwe rimaze igihe ryakira abanyeshure bo mu ma kaninuza atandukanye, aho ribaha akaryo (Stage) ko gushira mu ngiro ubumenyi baba bararonse mw’ishure, ubu bakabikorera aharangurirwa imirimo bijanye mu buzima bwa misi yose. Ubuyobozi bujejwe ibijanye n’ubushakashatsi muri FOMI bukaba budahengeshanya kwakira abakurikiranye ibijanye n’igisata c’Uburimyi muri kaminuza mu Burundi canke mu bihugu bibanyi. Kuva mu ntango y’uku kwezi kwa Ndamukiza, bamwe mu banyeshure bo kuri Universite Lumière de Bujumbura, bariko barimenyerereza muri FOMI , aho bakurikiranwa n’abahinga bo mu gisata c’ubushakashatsi. Abo banyeshure barashima ingene bakiriwe n’abakozi bo muri FOMI, bakavuga ko biteze kuharonkera ubumenyi no kuba ababishoboye kugira baterere mw’iterambere. Bamwe bavuga ko baje bafise inyota yo kumenya ingene ifumbire FOMI yigenza ku biterwa ugereranije n’ifumbire mvaruganda bita engrais chimique. Abandi nabo batomora yuko baje kurahura ubwenge kw’ishirahamwe rifise uruhara rudasanzwe mw’iterambere ry’igihugu kugira bazoshobore nabo kubukoresha mu gufasha Igihugu n’imiryango. Bagasaba indongozi za FOMI guha amahirwe n’abandi banyeshure bipfuza gukora ibikorwa vy’ubushakashatsi no gushira mu ngiro ivyo bize. Abo banyeshure igihe twabasanga mu mirima y’igeragerezo, aho bariko barategura aho bazotera ibiterwa bitandukanye, twasanze bamwe bariko bashira ifumbire mw’ivu, mu gihe abandi baca batera ahamaze gufumbirwa. Bagashima kubona baronswa amahirwe yo kuvyikorera. Bayubahe Jackson, ajejwe igisata c’ubushakashatsi mu vy’uburimyi muri FOMI, avuga ko kwakira abanyeshure ari igikorwa c’iteka kuko giterera mw’iterambere ry’Igihugu. Amenyesha ko abanyeshure bashirwa mu bisata bitandukanye, kugira bashobore gukarihirizwa ubumenyi hisunzwe ivyo baba barize. Ku bwiwe asigura ko iterambere rirama rihamagara uburimyi burama. Bayubahe Jackson, amenyesha ko ifumbire FOMI ifasha mw’iterambere rirama uravye ingene ihingurwa. Ifumbire FOMI ituma abarimyi b’ubu baronka umwimbu mwiza, ikanakingira ibidukikije ku buryo n’abarimyi bo muri kazoza bazoza basanga isi yimbuka kandi ifise akanovera. Uburimyi burama avuga ko ahanini bugizwe no kuronka umwimbu mwiza no gusiga isi ndimwa imeze neza. Bayubahe Jackson avuga ko abo banyeshure bo muri kaminuza yitiriwe Umuco y’i Bujumbura, bazogirira imyimenyerezo ku biterwa vy’imboga n’umuceri kugira barabe ingene ifumbire FOMI yigenza ku mwimbu ugereranije n’ifumbire ya kera bita engrais chimique. Abasaba kudasamara no kubaza ibibazo vyose bafise bijanye n’uburimyi kugira baronswe inyishu ngo narirya ishirahamwe FOMI rifise abahinga babimenyereye muri ico gisata. Akabona yuko kuba abanyeshure bo ku ma kaminuza atandukanye baguma bahurumbira kuza kwimenyerereza muri FOMI ari ukubera ubumenyi ababa barahaciye bahakura.